UKWIKUKIRA 2025
Uno mwaka w'2025, isabukuru y'Ukwikukira kw'Uburundi ishitse Ku munsi wa Kabiri. Ni ikimenyetso kidasanzwe. Inama nkuru yatanguje umugambi wo gukoroniza Afrika yatangujwe n'umukuru w'igihugu c'Ubudagi, Otto Von Bismarck. Hari Ku munsi wa gatandatu w'igenekerezo rya 15/11/1884. Ariko itariki 01/07/1884 (yaheruka kubaho), yari yashitse ari Ku munsi wa Kabiri. Ku munsi wa Kabiri w'iya 01/07/1890, haciye hasinywa amasezerano ya «Heligoland - Zanzibar hagati y'Ubudagi n'Ubwongereza. Ayo ni yo yahaye Abadagi igihu C'Uburundi ngo bacigarurire.
Iyi sabukuru rero, ibaye Ku wakabiri w'iya mbere Mukakaro, ugira mirongo ibiri, uhereye ku mwaka w'1884.
Ubu rero hariho ibintu bibiri vyo kuzirikana:
Ica mbere: Uhoraho yahaye ubwigenge bwuzuye Yakobo Ku mwaka ugira mirongo ibiri. Yari amaze iyo myaka aba mu nzu kwa Sebukwe Labani.
Ica kabiri: Uhoraho yabwiye Yosuwa ati: «uno munsi ndabakuyeko agakengere Abanyegiputa bari barabakengere, ndagatembaje».
Si ubwa mbere duhimbaza iyo sabukuru Ku munsi wa Kabiri. Ariko ni ubwa mbere tumenya ko ari uruhurirane rw'ubuhanuzi.
None rero, kubw'ivyo, Uhoraho aradukuyeko agakengere impwemu z'ububukoroni zari zaradukengereye, aragatembagaje

BUJA CITY PLAZA
Inyuma y'imyaka 12 ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hari igisaka, hari hageze ko Abarundi twikubita agashi. Ni muri iyo ntumbero umugambi wa "Buja City Plaza"
wavutse. Ubu ho hariho ikintu gishasha kandi kidashanzwe. Umurundi wese, yaba uwuri mu gihugu canke uwuri hanze, aremerewe kwigurira umutahe muri uwo mugambi. Tubibutse ko kuwamungu w'igenekerezo rya 27/01/2013 ariho iyo soko yasha igatokombera. Ubu rero harageze, numuze mwese twiyubakire "Buja City Plaza".